Uko wahagera

Mutimbuzi: Abitwaje Ibigwanisho Bashimuse Abantu 20


Abanyagihugu bo mu Rukaramu bemeza ko abateye baje nk’isaha zibiri z’ijoro n’iminota mirongo itatu. Umugwi wateye mu kigwati ca mbere c’iyo zone ya Rukaramu warugizwe n’abantu barenga 30 nk’uko bimeyeshwa n’abajejwe intwaro. Abenshi muribo bivugwa ko bari bambaye impuzu za gisirikare. Uwo mugwi watumbereye ahantu hari ubunywero hakaba n’ibutike nini.

Bene gutera uretse abari bitwaje inkoho, hari kandi n’abari bafise imipanga, udufuni, amashoka n’ibibugita nk’uko bivugwa n’abacitse kw’ucumu.

Turetse aho muri zone Rukaramu, uwo mugwi witwaje ibigwanisho warateye utwara abantu kandi mu kigwati citwa Kagaragara kiri mw’ishamba cimeza rya Rukoko ryegereye uruzi Rusizi rugabura u Burundi na Kongo.

Hagati y’uruzi rusizi ujabuka muri Kongo n’ikigwati ca mbere ca Rukaramu hari ibilometero bitari musi ya bitanu. Stanny Barayandema, umukuru w’umutumba wa kigwati ya mbere yatubwiye uko abantu batwawe bangana. Yavyiganiwe n’abagarutse igihe bari bagifise udutege.

Mutimbuzi
Mutimbuzi

Igitero c’abantu bitwaje ibigwanisho muri zone Rukaramu caheruka kuba mu kwezi kw’icenda umwaka w’i2012 nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro. Mu kwezi guheze muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi nyene mu ntara ya Bujumbura, abantu bitwaje ibigwanisho bari banyuruje abantu 7. Babiri

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza yageze aho igitero cyabereye adukorera iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

XS
SM
MD
LG