Uko wahagera

Amerika Iranegura Abashatse Kwica Nyamitwe


Ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika mu Burundi butangaza ko bwiyamirije igitero cabaye kuwa mirongo ibiri n’umunani munyonyo; aho bashaka kugandagura umuhanuzi mukuru muvyo kumenyesha amakuru mubiro vya Prezida; Willy Nyamitwe.

Mw’itangazo ryashikirijwe kur’uyu wa kabiri kuwa 29 uku kwezi kwa cumi na kumwe, Leta zunze ubumwe z’Amerika ibicishije kubuserukizi bwayo mu Burundi yateye akamo abari mu gisagara ca Bujumbura ko boguma mu mutekano mukurindira ko amatohoza kur’ico gitero akorwa.

Amerika iheraheza isaba ko abantu bose bahagarika intureka bakaja munzira y’ibiganiro bihuza bose, ataho bihengamiye kugira hatorwe umuti w’ibibazo vy’Uburundi.

XS
SM
MD
LG