Uko wahagera

Abanyacuba basezeye mu cubahiro, Fidel Castro


Abanyagihugu ba Cuba batonze umurongo kugira besezere Fidel Castro
Abanyagihugu ba Cuba batonze umurongo kugira besezere Fidel Castro

Abanyacuba basezeye mu cubahiro, Fidel Castro, yahoze ayoboye Cuba. Ivyo vyabereye mu kibanza ciritiwe revolisiyo ku murwa mukuru, Havana.

Kuva ku musi wa gatatu, umunyota wiwe uzotemberezwa mu gihugu cose, mu bizomara imisi itatu. Uwo munyota uzotera ujanwa mu buseruko bw’igihugu mu bizokwirikira inzira inyuranye n’inzira Castro yafashe igihe we n’abarwanyi biwe batera bagana ku murwa mukuru, Havana, bava mu mitumba ya Sierra Maestra, imbere yuko afata ubutegetsi mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 1959.

Ibirori vy’ugusezera Castro, vyatanguye ku musi wa mbere ku murwa mukuru, Havana, no mu gisagara ca Santiago, kiri mu buseruko bw’igihugu, aho Castro yatanguriye revolisiyo yiwe mu mwaka w’i 1953.

Fidel Castro, yitavye Imana ku musi wa gatanu w’indwi iheze afise imyaka mirongo icenda, inyuma y’indwara yari amaranye igihe kirekire. Icatumye urupfu rwiwe nticatangajwe.

Ikigandaro c’imisi icenda caratangajwe na Reta. Iminyota wiwe uzoshingurwa ku musi w’Imana mu gisagara ca Santiago de Cuba.

XS
SM
MD
LG