Uko wahagera

Israel Iriko Irwanya Imiriro Yiyadukije


Abakozi bariko barwanya umuriro mu gisagara ca Haifa, muri Israel
Abakozi bariko barwanya umuriro mu gisagara ca Haifa, muri Israel

Abajejwe kurwanya imiriro mu gihugu ca Israel barazimije umuriro wo mu mashamba wari watandukiye igisagara ca Haifa, kigira ubwa gatatu mu bunini mu gihugu. Uwo muriro watumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga ingo zabo. Abajejwe kuzimya imiriro babandanya kurwanya iyindi miriro itari mike mu gihugu umusi ugira kane bikwirikiranya.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakuwe mu ngo zabo, mu gihe abapolisi n’abajejwe kurwanya imiriro bakiriko barwanya imiriro yadutse mu karere ka Haifa.

Ivyo kubera hari ubwoba kw’umuriro ushobora gusubira kwaduka, kubera igihe kirangwa n’uruzuba n’umuyaga.

Abantu batari bake barajanywe mu bitaro kubera bahemye imyotsi y’imiriro yadutse.

Amazu atari make yarononekaye.

Abategetsi b’igipolisi bamenyesha kw’abantu cumi na babiri bahagaritswe muri Israel kubera kwikekwa ko aribo bateye iyo imiriro.

Ibiro bijejwe umutekano muri Isreal, Shin Bet, biriko biratohoza imiriro yadutse kugira bamenye ukugene yatanguye.

XS
SM
MD
LG