Uko wahagera

Amerika Yahagurukiye Abanywanyi ba Reta ya Kisilamu


五角大楼发言人彼得.库克(美国国防部)
五角大楼发言人彼得.库克(美国国防部)

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko umwe mu bategetsi b’umugwi w’iterabwoba al-Qaida, asanzwe afitaniye imigenderanire n’imigwi y’iterabwoba ikorera mu bumanuko bushira uburengero bwa Aziya, yaguye mu gitero c’indege za Amerika, cabaye mu ndwi iheze.

Peter Cook, umuvugizi w’Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu, yatangaje ko Abu Afghan al-Masri yaguye mu gitero cabaye itariki 18 z’ukw’11, hafi y’igisagara ca Sarmada, kiri ku birometero mirongo itanu mu burengero bwa Aleppo.

Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu, ukurikirana ibirera muri Siriya uvuga ko abasirikare ba Siriya bari kumwe n’abasanzwe babafasha b’Uburusiya hamwe n’aba chiite babandanya ibitero muma karitiye abamwo abatavuga rumwe na Reta. Uwo mugwi uvuga kandi ko kuva mu ndwi iheze, abashika kw’ijana na mirongo ine na batatu bamaze gusiga ubuzima mur’ivyo bitero, cumi n'icenda muribo akaba ar’abana.

XS
SM
MD
LG