Uko wahagera

Iraki: Abantu 32 Bishwe mu Bitero vy'Abiyahuzi i Kirkuk


Imyotsi y'ahabereye ibitero vy'umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gisagara ca Kirkuk, muri Iraki, kuwa 21 z'ukwezi kwa cumi
Imyotsi y'ahabereye ibitero vy'umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gisagara ca Kirkuk, muri Iraki, kuwa 21 z'ukwezi kwa cumi

Abantu 32 bahitanwe n'ibitero vy'abiyahuzi b'umuhari wa reta ya Kiyisilamu kur'uyu musi ku wa gatanu, hafi y’igisagara ca Kirkuk, mu buraruko bw’igihugu ca Iraki, harimwo abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu cumi na babiri.

Igitero c’abiyahuzi mu kibanza abanya Irani bariko bubakamwo, mu gisagara ca Dibis, mu buraruko bwa Iraki, cahitanye abantu cumi na bane, harimwo abanya Irani bane.

Mu gisagara ca Kirkuk, abapolisi batandatu b’igihugu ca Iraki, n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu cumi na babiri bishwe mu gitero gisa n'ico, cabaye imbere y'aho mu kibanza c’igipolisi.

Umutegetsi w’umusirikare w’Umukurde yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’igitero co mu gisagara ca Kirkuk, ari igikorwa c’imirwi ikorana na Reta ya Kiyislamu, muri ico gisagara, iriko igerageza kwibagiza ibitero biriko biba kuri Reta ya Kiyislamu, mu gisagara ca Mosul.

Amenyesha ko abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, bafashe ihoteri hagati mu gisagara ca Kirkuk, batana mu mitwe n’inteko zijejwe umutekano z’Abakurde, mu kiringo c’amasaha atari make.

Abantu 25 bakomeretse mu gutama mu mitwe kwabaye hagati y’izo mpande zibiri.

XS
SM
MD
LG