Uko wahagera

Uburusiya Bwatanze Agahenge muri Aleppo


Aleppo, Syria
Aleppo, Syria

Uburusiya butangaza ko bwatanze ayandi masaha 24 kugira batange imfashanyo mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Uburusiya na Siriya bahagaritse ibitero vy’indege ku gisagara ca Aleppo k’umusi wa kabiri, ako gahengwe bari batanze kari kurangira kur’uyu wa kane mu masaha y’umugoroba muri Syriya.

Igisirikare ca Siriya cari cemeye ko kizokwugurura inzira umunani abasivile bacamwo kugira bave mu gisagara. Zibiri mur’izo nzira kandi nizo zahawe abarwanya reta bipfuza gushira ibirwanisho hasi bagahunga, imwe igana muri Turukiya iyindi mu ntara ya Idlib.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryangaje ko abasivile bashika ku bihumbi 250 bakeneye imfashanyo zihuta, abaharurwa mu majana nabo bakeneye imfashanyo z’imiti zihutirwa.

XS
SM
MD
LG