Uko wahagera

Umusirikare w'Umunyafuganistani Yishe Abanyamerika Babiri


Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, catangaje kw’umwe mu basirikare baco, n’umunyamerika w’umusivile, bishwe kur'uyu wa gatatu, mu gitero cabereye hafi y’ikibanza ca gisirikare c’urunani ruyobowe na Amerika, ku murwa mukuru w’igihugu ca Afuganistani, Kabul.

Uwundi musirikare w’umunyamerika, n’abasivile babiri b’abanyamerika bakomeretse. Uwarashe, ni umunya Afuganistani, yari yambaye impuzu z’igipolisi, yararashwe buno nyene n’inteko mpuzamakungu.

Abo yarashe bari mu gikorwa c’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, c’ukumenyereza, guhanura n’ugufasha inzego zijejwe umutekano muri Afuganistani.

Igisirikare ca Amerika gitangaza ko kiriko kiragira itohoza, kugira kimenye impamvu zatumye ivyo biba.

Umusirikare mukuru ayoboye inteko za Amerika, Jenerali John Nicholson, avuga ko igihe cose batakaje umwe mu basirikare babo, biba ari ibintu bibabaje cane.

Yifatanije mu mubabaro n’imiryango y’abageramiwe n’ico gitero. Yatangaje kw’ibitero nk'ivyo bitazoca intege Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’inteko z’urunani Amerika irongoye, mu gikorwa cabo c’ugufasha abanya Afuganistani, kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu cabo.

XS
SM
MD
LG