Uko wahagera

Uburusiya Bwanse Kwemeza Icemezo Gihagarika Intambara muri Aleppo


Ambasaderi w'Uburusiya muri ONU ahakana icemezo ca ONU Gihagarika intambara mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Ambasaderi w'Uburusiya muri ONU ahakana icemezo ca ONU Gihagarika intambara mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Uburusiya bwitwaje igihagararo bufise mu nama ya ONU ijejwe umutekano bwanse kwemeza icemezo categuwe n’Ubufaransa cari kigamije guhagarika ibitero vy’indege muri Siriya.

Iyi igize incuro ya gatanu mu myaka itanu Uburusiya bukoresha igihagararo cabwo mu kuburizamwo ivyemezo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biba bigamije guhagarika iseseka ry’amaraso.

Abatabara bariko bagerageza kurokora abantu ahabereye ibitero vy'indege hitwa al-Sakhour, mu Buraruko bwa Aleppo muri Siriya. .

Abatabara bariko bagerageza kurokora abantu ahabereye ibitero vy'indege hitwa al-Sakhour, mu Buraruko bwa Aleppo muri Siriya. .

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’amakungu, Jean Marc Ayrault yashikirije ko iyo nyifato y’Uburusiya iha uburenganzira Perezida Bashar al Assad wa Siriya bwo kubandanya yica abanyagihugu.

Ni mugihe Uburusiya nabwo bwari bwashikirije ikindi cemezo gisaba ko hoba gutandukanya imihari irwana y’intagondwa igatandukanywa n’abatari intagondwa. Ariko atari uguhagarika ibitero vy’indege.

Ico cemezo naco nyene nticaronse amajwi akwiye kugira gishobore kwemezwa.

XS
SM
MD
LG