Uko wahagera

Misiri: Abimukira Barohamye muri Mediterane Barenga 140


Mu gihe abategetsis n’abarovyi bariko bakura ibiziga, vyinshi bimaze kubora mw’ibahari Mediterane, igitigiri c’abimukira bamaze gupfa, bari mu bwato bwibiye ku nkengera z’igihugu ca Misiri, muri iyi ndwi, kibandanya kwiyongera.

Ibiziga vy’abantu barenga ijana na mirongo ine na batanu biramaze gukurwa mu mazi. Benshi mkuribo n’abapfasoni n’abana. Ivyo bimenyeshwa n’itangazamakuru ryo mu gihugu ca Misiri.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira rimenyesha ko mu bapfuye harimwo umwana umwe. Imiryango igandaye iriko irondera ababo.

Ku musi wa gatatu, abantu barenga ijana na mirongo itandatu baratabawe mu masaha y’inyuma yuko ubwato bw’ukuroba bushaje, bwari butwaye abimukira bwibiye, hafi y’aho uruzi Nil ruhurira n’ibahari Mediterane.

Ubwo bwato buburwako bwari butwaye abantu bari hagati y’amajana ane na mirongo itanu n’amajana atandatu. Igikorwa c’ukurondera abari wmuri ubwo bwato kirabandanya. Abimukira bari muri ubwo bwato n’Abanyafrika, Abanyasiriya n’Abanyamisiri. Ivyo bitangazwa na, Atef Badr, akorera ikinyamakuru, Al-Masry al-Youm, yari aho ubwo bwato bwibiriye. Benshi muri abo bantu bari bakiri bato.

Abantu bane bikekwa kuba bagzize uruhara mu kwibira kw’ubwo bwato, barahagaritswe ku musi wa kane

XS
SM
MD
LG