Uko wahagera

Perezida wa Filipine Yirukanye Inteko z'Amerika


Perezida Rodrigo Duterte wa Philipine
Perezida Rodrigo Duterte wa Philipine

Umukuru w’igihugu ca Filippine Rodrigo Duterte yamenyesheje ko Leta zunze ubumwe z’Amerika ikura abasirikare bayo bari mu bumanuko bw’igihugu ciwe. Abo basirikare basanzwe bariko bafasha kurwanya intagondwa z’Abayisilamu.

Ivyo yabishikirije kuwa mbere imbere y’abashikiranganji ba reta aheruka kugena. N’ubwa mbere ashikirije ivyo k’umugaragaro ko atipfuza inteko z’Amerika mu gihugu ciwe.

Perezida Duterte ntiyavuze umusi ntarengwa yipfuza ko abo basirikare boba baviriye mugihugu arongoye.

Leta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije ko ivyo Perezida Duterte yavuze ataco bifasha mu migenderanire bafitaniye. Umuvugizi wa deparitema ya reta y’Amerika yamenyesheje ko ata rwandiko rubasaba kuva muri Filipine bararonswa kandi ko izogumana ubucuti n’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG