Uko wahagera

Antonio Guterres Niwe Ahabwa Amahirwe yo Kurongora ONU


ANTONIO GUTERRES
ANTONIO GUTERRES

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ayandi matora yo mw'ibanga yabaye kur’uyu wa gatanu yerekana ko umunyaportugal Antonio Guterres ashobora kuzosubirira Ban Ki Moon mu mwanya w’umunyamabanga mukuru wa ONU.

Antonio Guterres w’imyaka 67 y’amavuko bubaye ubugira kane aza imbere y’abandi bakandida 10 bariko bahiganirwa ico kibanza mu matora yo mw’ibanga ariko atunganwa na ONU.

Aba diplomate bo mu bihugu bitari bike baramaze kugaragaza ko bashigikiye Guterres ku buzobere afise bwo kuba yaratwaye HCR imyaka itari mike no kuba yarigeze amabanga akomeye muri Portugal kuva mu mwaka w’1995-2002.

Ayandi matora agira gatanu azoba kw’italiki ya 26 z’uku kwezi kw’icenda. Uwuzotsinda azoshirwa ahabona mu ntango z’ukwezi kwa cumi kuza.

Uwuzotahukana intsinzi mur’uyo mwanya azoca asubirira Ban Ki Moon kw’italiki ya mbere ukwezi kwa mbere nyene, umwaka uza w’2017.

XS
SM
MD
LG