Uko wahagera

Perezida Obama na Perezida Putin Bagiranye Ibiganiro Ngirakamaro


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, atangaza ko yagiranye ibiganiro ngirakamaro na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku vyerekeye igihugu ca Siriya.

Yamara izo mpande zibiri ntizirashika ku masezerano y’uguhagarika ingwano, muri Siriya, mu vyorekurira imfashanyo gushikira kurushiriza abanyagihugu basinzikajwe n’ingwano.

Ivyo perezida Obama yabitangaje, uno musi ku wa mbere, inyuma yuko abonanya na perezida Putin, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’irangira ry’inama y’abakuru b’ibihugu bigize umurwi G-20, mu gisagara ca Hangzhou mu gihugu c’Ubushinwa.

Perezida Obama, na perezida Putin, bategetse abaserukira Amerika n’Uburusiya kubandanya bakora, kugira bashike ku masezerano y’uguhagarika ingwano.

Amasezerano y’uguhagarika ingwano yoba arimwo Reta ya Siriya, icuditse n’Uburusiya, n’abarwanya ubutegetsi bashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika n’Uburusiya vyasa n’ibiri hafi y’ugushika ku masezerano, ku musi w’Imana, yamara haracariho intambamyi zikomeye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya biriko kandi birondera gutorera inyishu iciye mu biganiro, uruhagarara rwo mu gihugu ca Ukraine, aho ingwano hagati y’abarwanyi, bashigikiwe n’Uburusiya, n’inteko za Reta yahitanye ubuzima bw’abantu barenga ibihumbi icenda n’amajana atanu, kuva u mwaka w’i 2014.

XS
SM
MD
LG