Uko wahagera

RDC: Cholera Yiyongereye k'Umuvuduko Munini


Umurwayi wa Cholera ari mu bitaro
Umurwayi wa Cholera ari mu bitaro

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku magara y’abantu OMS imenyesha ko itewe umutima uhagaze n’irwirirana ry’ikiza ca Cholera muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

OMS itangaza ko igiye gutangura igikorwa co gucandaga abantu k’umurwa mukuru Kinshasha mu ndwi nke ziri imbere.

Ikiza ca Cholera cari gisanzwe ciha inkumbi muri Kongo, ariko uyu mwaka vyabaye ibidasanzwe kuko kiriko kirakwiragira k’umuvuduko udasanzwe.

OMS itangaza ko gushika aho uyu mwaka ugeze abashika ibihumbi 18 aribo bamaze gufatwa, ibiharuro bingana n’abayanduye mu mwaka wose w’2015.

OMS ivuga ko izo ncanco zizotangwa kandi mu makambi abiri y’impunzi ar’ mur’ico gihugu acumbikiye impunzi z’abarundi hamwe n’izo muri Republika ya Santrafrika.

XS
SM
MD
LG