Uko wahagera

Amatohoza Ku Mudagi Franz Beckenbauer


Franz Beckenbauer, Umudagi kirangiranwa mu mupira w’amaguru
Franz Beckenbauer, Umudagi kirangiranwa mu mupira w’amaguru

Abategetsi b’igihugu c’Ubuswise buguruye dosiye kuri Franz Beckenbauer, Umudagi kirangiranwa mu mupira w’amaguru, ku vyagirizo vya ruswa yabaye igihe Ubudagi bwahabwa uburenganzira bw’ukwakira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, mu mwaka w’i 2006.

Beckenbauer n’abandi byanywanyi batatu b’umurwi wari ujejwe gutegura igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2006, Horst Rudolf Schmidt, Theo Zwanziger na Wolfang Niersbach, bariko bakwirikiranwa mw’itohoza ryerekeye ruswa rifitaniye isano n’ishirahamwe mpuzamakzungu ry’umupira w’amaguru, FIFA.

Ivyo vyatangajwe n’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza w’igihugu c’Ubuswise kuri uno wa kane.

Iryo tangazo ryamenyesheje kw’abo bantu bane bikekwa ruswa ifatiye ku miliyoni indwi n’ibihumbi amajana atatu, hamwe n’imiliyoni cumi y’amadalari yarishwe, mu bifitaniye isano n’ishirahamwe FIFA.

Abashikirizamanza b’igihugu c’Ubuswise batangaje kw’ivyemezo vyatororokanijwe, mu bice umunani bitandukanye mu bihugu vy’Ubudagi na Autriche.

Beckenbauer, afise imyaka 70, muri iki gihe, yahakanye ko ata caha yakoze, niwe yari ayoboye umurwi wari ujejwe gutegura igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2006.

XS
SM
MD
LG