Uko wahagera

Amnesty International Isaba Zimbabwe Kurondera Itai Dzamara


Itai Dzamara, Umunyepolitike atavugarumwe na Perezida Mugabe muri Zimbabwe
Itai Dzamara, Umunyepolitike atavugarumwe na Perezida Mugabe muri Zimbabwe

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International ryongeye gutera akamo Perezida wa Zimbabwe Robert Mugabe gushiraho umurwi wigenga ujejwe gutohoza irengero rya Itai Dzamara, yari mu baharanira agateka kazina muntu.

Itai Dzamara, yari mu batavuga rumwe na Perezida Mugabe, yanyurujwe n’abantu bakekwa kuba abo mu nzego z'umutekano muri Zimbabwe m’ukwezi kwa gatatu, umwaka w’2015.

Imbere yuko anyuruzwa, Dzamara yar’aheruka gutunganya imyiyerekano yasaba Perezida Mugabe kuva k’ubutegetsi kuko yananiwe no kwubahiriza ivy’agateka kazina muntu no gutez’imbere ubutunzi bw’igihugu.

K'umusi wa kabiri, Human Rights Watch yasavye abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’iterambere SADEC, aho bari mu nama muri Swazilande gufata ingingo zubahiriza agateka ka muntu mu bihugu vyabo.

XS
SM
MD
LG