Uko wahagera

Ubusuwisi: Abantu 6 Bacumiswe mu Gariyamoshi


Mu gihugu c’Ubusuwisi, abantu batandatu barakomerekejwe n’umugabo yakije umuriro ari muri gariyamoshi mu nyuma aca atangura gucumita ingenzi n’imbugita k’umugoroba wo k’umusi wa gatandatu

Umwe mur’abo bakomerekejwe n’umwana w’imyaka itandatu.
Igipolisi c’aho vyabereye kimenyesha ko uwo mugizi wa nabi ar’umugabo w’umusuwisi w’imyaka 27.

Bavuga kandi ko nawe yakomeretse aca atwarwa n’abo bandi bahiye n’abakomerekejwe n’imbugita yiwe kwa muganga.

Igipolisi kimenyesha kandi ko ibintu bifise agaciro k’amadolari y'abanyamerika ibihumbi ijana arivyo vyononekaye kur’iyo gariyamoshi.

Iyo gariyamoshi yar’ivuye mu gisagara ca Buchs ija I Sennwald mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubusuwisi.

XS
SM
MD
LG