Uko wahagera

Brezil: Inkino za Olempike 2016 Zuguruwe


Ibirori vyo kwuguruara inkino za Olempike vyatanguye k’umurwa mukuru Rio de Janeiro muri Brezile.

Imiliyaridi zitatu z’abantu kw’isi nibo bari bitezwe kubirorera ku mbonesha kure. Imigwi 200 y’abanonotsi niyo yari mur’ivyo birori harimwo n’umugwi w’abanonotsi b’impunzi.

Uwo mugwi w’impunzi ugizwe n’abanonotsi 10 b’impunzi bavuye muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo na Siriya.

Abakuru b’ibihugu barenga cumi nibo bitavye ivyo birori harimwo na Perezida w’Ubufaransa Francois Hollande na ministre wa mbere w’Ubutaliyano Matteo Renzi. Bose ibihugu baserukira biriko bihiganirwa kuzotunganya izo nkino m’umwaka w’2024.

Imbere y’ivyo birori, igipolisi co k’umurwa mukuru Rio de Janiero wa Brezile congeye kuburizamwo imyiyerekano yari yatunganijwe n’akagwi gato k’abantu mugihe hari hasigaye amasaha make ngo ibirori bitangure.

Bavuga ko itunganwa z’iryo nkino ryaranzwemwo kurya ibiturire kandi ziha uburusho akagwi k’abantu bake zigasiga benshi m’ubukene, mu kutaja mu mashure mugihe abandi badashobora kuja kwivuza.

Izo nkino zitegekanijwe gusozerwa kw'igenekerezo rya 21 z'uku kwezi kwa munani.

XS
SM
MD
LG