Uko wahagera

Amerika Yagize Ibitero kuri Reta ya Kiyislamu


Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zagize ibitero vy’indege za gisirikare, mu bibanza vya Reta ya Kiyislamu muri Libiya.

Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika ku wa mbere.

Ivyo bitero vyagizwe mu gice ca Sirte, ciziziwe n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, bisabwe na Reta ya Libiya ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bumenyesha ko perezida wa Reta y’ubumwe muri Libiya, yerekuriye ivyo bitero vy’indege z’igisirikare, mu gikorwa c’ugufasha inteko za Reta.

Ivyo bitero vyasabwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, n’umutegetsi mukuru w’inzego zose z’igisirikare ca Amerika, Jenerali Joe Dunford.

Ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika birabandanya kugirwa ku nteko za Reta ya Kiyislamu, mu gice ca Sirte, kugira birekurire inteko za Reta ya Libiya kugira intambwe ziboneka, hamwe n’ugutuma Reta ya Kiyislamu idashinga imizi muri Libya, aho ishobora gukira ibitero kuri Amerika n’ibihugu bicuditse.

XS
SM
MD
LG