Uko wahagera

Igitero Cahitanye 13 Muri Somaliya


Igitero muri Somaliya cahitanye abantu bashika kuri 13 harimwo indwi mu bagize ico igitero, kur’uyu w’Imana, ku mugwa mukuru wa Somaliya, i Mogadisho.

Umushikiranganji w’umutekano muri Somaliya, Abdirizak Omar Mohamed, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico gitero cari kigamije ku nyubakwa nkuru y’Ibiro bjejwe amatohoza y’ivyaha.

Mohamed avuga ko aba kamikaze babiri batumbereye irembo bari n’umuvuduko munini, abandi batanu babakurikira inyuma bafise ibigwanisho bikomeye, bagerageza kwinjira mur’iyo nyubakwa.

Abantu bagera kuri 10 nibo bakomeretse. Mu bahitanywe n’ico gitero, harimwo umusirikare umwe wa Reta, n’abanyagihugu batanu.

Umugwi Al-Shabab ukaba wamaze kwemanga ico gitero.

XS
SM
MD
LG