Uko wahagera

Amerika: Abayislamu Bakwiye Gukingirwa Urwanko


Perezida wa Amerika, Barack Obama
Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yasavye Abanyamerika gusubira kwiyemeza, ku vyerekeye gukingira Abayislamu b’Abanyamerika urwanko, mu butumwa bw’ukurangiza ukwezi guhezagiye kw’Iramazani.

Abayislamu b’Abanyamerika baratandukanye, nkuko igihugu kigizwe n’abantu batandukanye, n’ukuvuga Abirabure, Abazungu, Abakomoka muri Amerika y’epfo, abakomoka mu karere ka Aziya n’Abarabu.

Perezida Obama, avuga ko ibirori vy’ukurangiza ikiringo c’Iramazani mu gihugu, vyibutsa amateka y’igihugu cubatswe n’abantu batandukanye, amateka arangwa n’ubwigenge bw’uguhitamwo idini umuntu ashaka, ubwigenge bw’ikiremwa amuntu, n’amateka aranwa n’inguvu, n’ivyiyumviro vyubaka vy’abanyagihugu.

Ivyo Perezida Obama,yabishikirije mu butumwa bw’bw’Irayidi ku musi wa gatatu.

Perezida Obama ,yarahayagaije intereranao y’Abayislamu b’Abanyamerika mu gihugu, harimwo muhammed Ali, yari kirangiranwa mu rukino rw’ugukubitana ingumu, avuga ko abakungu yasezeye muri iki kiringo c’Iramazani.

XS
SM
MD
LG