Uko wahagera

Pistorius Yaciriwe Imyaka 6 mu Munyororo


Oscar Pistorius
Oscar Pistorius

Umunyafrika y'epfo,Oscar Pistorious yaciriwe imyaka itandatu mu munyororo kubera yagandaguye umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, haraheze imyaka itatu.

Umucamanza, Thokozile Masipa, yatanze insiguro y’ugutanga ico kiringo mu munyororo kubera Pistorious, yerekanye ko yigaye, bifatiye ku kiringo yari amaze mu munyororo ku rubanza yari yasomewe imbere yaho, n’ukuba atari yambaye amaguru y’amaterano igihe yakora icaha yagirizwa.

Nico gituma uwo mucamanza yagabanije ikiringo cari kugera ku myaka cumi n’itanu.

Mu kiringo urubanza rwariko ruraba, Pistorius, yavuze ko yitiranije Reeva Steenkamp, n’umusuma igihe yamurasa incuro zine, mu kibanza abantu biyogeramnwo.Steenkamp, yishwe mu mwaka w’i 2013.

Abashikirizamanza bavuze ko Pistorius, yishe n’impaka Steenkamp.

XS
SM
MD
LG