Uko wahagera

Ban Ki Moon Muri Isirayeli


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, iburyo, na Ban Ki-moon mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, iburyo, na Ban Ki-moon mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yasavye umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu gutera intambuko ziboneka mu kwemera ibiganiro bitumbereye gushinga reta zibiri mur’ako karere.

Mu rugendo arimwo I Yerusalemu, Ban yamenyesheje ko ata muti ubonekera mu ntambara kiretse ukwemera ko baba abanyepalestina n’abayahudi bompi bafise kahise kur’ubwo butaka hamwe n’ukwemera gushingiye ku madini yabo.

Ban yaragendeye kandi ishure rifashwe mu mugongo na ONU riri mu ntara ya Gaza aranabonana n’umutegetsi wa Palestina Mahmoud Abbas I Ramallah, mu ntara ya Sijordaniya.

Yamenyesheje kandi abanyepalestina babayeho ubuzima bwo kwama bariko barasakwa, basabwa impapuro, kubomorerwa amazu hamwe n’ubukene. Ati ivyo sivyo bisigura guhasha iterabwoba.

Mwomenya ko ikiringo ca Ban Ki Moon co gutwara ONU kirangirana n'italiki 31 z’ukwezi kwa 12 uyu mwaka, hakaba hagiye gutunganywa amatora yo kurondera uwuzomusubirira.

XS
SM
MD
LG