Uko wahagera

USA: Obama Aragarukira kubarusimvye I Orlando


Perezida wa leta zunze ubmwe z’Amerika Barack Obama kur’uno wa kane aragendera igisagara ca Orlando, muri leta ya Florida kubonana n’abahuye n’ivyago vy’ubwicanyi bwo kuwa mungu.

Ibiro vya Perezida Obama, White House bimenyesha ko haruhande yo kubonana n’abacitse kw’icumu mur’ubwo bwicanyi, Obama abonana n’abashitse ubwa mbere gutabara hamwe n’abaganga ndetse n’abariko barabaga abakomeretse.

Ni mugihe ibiro vya FBI bimenyesha ko umugore w’uwo mwicanyi yar’azi imigambi umugabo wiwe yar’afise ariko ngo ntiyavuniye akagohe igipolisi.

Umwe mu bategetsi mu butungane amenyesha ko ubucamanza buriko buraraba ko uwo mugore azwi kw’izina Noor Zahi Salman yohanwa ariko akavuga ko hakiri kare kuvyemeza.

XS
SM
MD
LG