Uko wahagera

Mu nkino za nyuma za Basketball ziriko zihuza imirwi ibiri y'ibihangange mw'ishyirahamwe NBA muri Amerika, umugwi wa Golden State Warriors warongeye kwirahira Cleveland Cavaliers ku bitsindo 110 kuri 77.

Ni mu rukino rugira kabiri rwabahuje kuwa mungu mu gisagara ca Oakland muri leta ya Californiya.

Urukino rugira gatatu ruzohuza iyo mirwi nyene k’umusi wa gatatu italiki 8 z’uku kwezi ruzabera mu gisagara ca Cleveland.

XS
SM
MD
LG