Uko wahagera

USA: Impunzi Muri Kenya Ziratabarizwa


Leta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko ihagaritswe umutima n’ingingo iheruka gufatwa na reta ya Kenya yo kwugara amakambi y’impunzi ari mur’ico gihugu.

Mw’itangazo yasohoye kuwa gatatu, amerika itewe ubwoba ko impunzi ziharurwa mu bihumbi amajana zari zaronse ubuhungiro zigiye kugira ingorana.

Amerika isaba reta ya Kenya kwisubirako ikabandanya ikingira abahohotewe n’abahunze ubwicanyi, nkuko yavyemeye aho kwirukana izo mpunzi.

Reta ya Kenya isabwa kubandanya ifasha impunzi no kureka abataha bagataha ku bugombe bwabo.

Kenya isabwa kubandanya gikorana na HCR hamwe n’amakungu mu kurondererahamwe umuti urama mu kwubahiriza agateka ka muntu n’amategeko mpuzamakungu.

Amerika irangiza ivuga ko izobandanya ifasha Kenya mu rugamba rwo kurwanya umugwi w’iterabwoba wa al-Shabaab hamwe n’iyindi mihari y’intagondwa.

XS
SM
MD
LG