Bombe yatezwe mu modoka yaturitse mw’isoko, mu karere k’aba Shi’ite, mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Iraki, Bagdad, uno musi ku wa gatatu, ihitana nabantu mirongo itandatu na bane.
Iyo bombe yaturikiye mw’isoko riri mu gice ca Sadr City, ku murwa mukuru, Bagdad, mu gihe c’uruja n’uruza rikomeye rwo mu gitondo.
Abategetsi bajejwe ubuvuzi n’umutekano bafise ubwoba kw’igitigiri c’abapfuye gishobora kubandanya kwiyongera.
Agantu mirongo ine bakomeretse muri ico gitero.
Izindi modoka zitari nke n’inyubakwa ziri hafi yaho vyononekaye bikomeye cane.
Umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, wiyitiriye ico gitero inyuma yuko kibaye. Uwo murwi waragize ibitero nkivyo, ku murwa mukuru, Bagdad, cane cane mu bice birwiriyemwo aba Shi’ite.
Umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, uvuga ko ico gitero cagizwe n’umwiyahuzi yari afise bombe, yamara abategetsi b’igihugu ca Iraki barabihakana.