Uko wahagera

Ubushinwa:Itegeko Rishasha Rigeramira Amashirahamwe y'Abanyamahanga


Ubushinwa kw'ikarata
Ubushinwa kw'ikarata

Itegeko rishasha ry’igihugu c’Ubushinwa ku mashirahamwe ateganiye Reta yo mu mahanga riha igipolisi ububasha bukomeye, ku vyerekeye gukwirikirana ibikorwa vy’ayo mashirahamwe.

Bamwe mu banebagura iryo tegeko bavugako riha abategetsi uburenganzira bukingiwe n’amategeko bw’ukwongereza igikorwa cabo cari gisanzwe kiriko kiraba c’ugukandamiza abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Itorokanirizo ry’amakuru ryea Reta y’Ubushinwa, Xinhua, ryasohoye ingingo zose zigize iryo tegeko mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu.

Iryo tegeko ryemejwe ejo ku musi wa kane n’inama nshingamateka igizwe n’abashigikiye Reta gusa.

Iryo tegeko rizoja mu ngiro kw’italkiki imwe y’ukwezi kwa mbere, umwaka w’i 2017.

Abatari bake babona ko ikiringo c’amezi ari imbere kizoba kitoroshe, mu gihe amashirahamwe ategamiye Reta y’abanyamahanga atari bwemererwe gukora, azosabwa gukwiza urutonde rw’ibintu bitari bike, harimwo gukorana n’inzego za Reta.

XS
SM
MD
LG