Uko wahagera

Vladimir Putin Avuga ko Amerika Ishaka Kuganza Isi


Russia Putin
Russia Putin

Perezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin yagirije Reta zunze ubumwe za Amerika ko zifise imigambi y’ukuganza isi.

Muvyo yashikirijwe uno musi ku wa kane mu kiganiro yama atanga kuri televiziyo uko umwaka utashe, Perezida Putin yabajijwe umukandida mu barondera kuba perezida muri Amerika abona yogiranira imigenderanire mibi cane n’Uburusiya, hagati y’Umudemokrate Hillary Clinton n’Umurepubulika Donald Trump.

Putin yishuye kw’atari ikibazo c’umuntu kanaka, ko ari ivy’uko nimba Amerika izoguma ibona ko atari igihugu gisanzwe, ko ari igihugu kizoguma kibona ko gifise uburengenzira busadanzwe.

Perezida Putin avuga bikenewe kuraba aho ikibazo kiva, Amerika ntibone ko itegerezwa kuguma ishaka kuganza isi ah’ubwo ikubaha ibindi bihugu harimwo Uburusiya.

Avuga ku vyerekeye igihugu ca Siriya, Perezida Putin yavuze ko Abanyasiriya bategerezwa kugiranira ibiganiro kugira bumvikane kw’ibwirizwa shingiro rishasha ry’igihugu cabo, nuko inyishu y’ibibazo vy’igihugu cabo itazotorwa biciye mu buryo bwa gisirikare.

XS
SM
MD
LG