Uko wahagera

Djibouti: Perezida Guelleh Yiteze Indi Manda


 Ismail Omar Guelleh
Ismail Omar Guelleh

Igihugu ca Djibouti cagirishije amatora y’umukuru w’igihugu ku musi wa gatanu. Mu gihe abatavuga rumwe na reta biciyemwo ibice, vyitezwe ko Perezida Ismail Omar Guelleh atsindira ikindi kiringo kigira kane.

Guelleh yafashe ubutegetsi mu mwaka w’i 1999, akaba yayoboye Djibouti kuva ico gihe. Niwe mu perezida agira kabiri wa Djibouti kuva ico gihugu cikukira mu mwaka w’i 1977.

Abandi bakandida batanu bahiganwa nawe, yamara n’ivyibonekeza ko Perezida Guelleh ari imbere yabo. Imwe mu migambwe itavuga rumwe na reta yarihojeje amatora inyuma yuko asubiye ku ngingo yari yafashe imbere yaho y’ukudasubira kwitoza.

Abayoboye abatavuga rumwe na reta baridogera igipolisi ko cafashe abantu bunyamaswa mu ndwi z’imbere y’amatora kandi kw’itangazamakuru ritabafata neza.

Ukwidogera ibitagenze neza mu matora vyagiye ahabona igihe ibibanza vy’amatora vyugurura mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu. Abatavuga rumwe na reta bavuga ko ubutegetsi bwakuye ababaserukira mu bibanza vy’amatora.

Bagiriza kandi abasirikare ba reta ko batoye mu bibanza batategerezwa gutoreramwo.

XS
SM
MD
LG