Uko wahagera

HCR: Abantu Barahunga Inzara n’Intambara muri Sudani y’Epfo


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku mpunzi HCR kimenyesha ko ubukene bw’ibifungurwa hamwe n’intambara vyatumye abanyagihugu bo muri Sudani y’amaj’epfo baharurwa mu bihumbi bahungira mu gihugu kibanyi ca Sudani.

ONU imenyesha ko abanyagihugu bo muri Sudani y’epfo bashika ku miliyoni zibiri n’ibice bitatu bataye izabo kuva intambara yadutse mu mwaka w’2013.

Abababa bitatu vya bine vy’umuliyoni bahungiye mu bihugu bibanyi.

Umuvugizi wa HCR Adrian Edwards amenyesha ko abana benshi batandukanye n’imiryango yabo kandi ko impunzi nshasha zishika nyinshi zikitswe n’amagara, zikeneye kuvurwa.

XS
SM
MD
LG