Uko wahagera

Congo-Brazzaville: Icuka Kibi Imbere y'Amatora


Prezida wa Congo-Brazzaville, Denis Sassou Nguesso
Prezida wa Congo-Brazzaville, Denis Sassou Nguesso

Congo-Brazzaville izogirisha amatora y’umukuru w’igihugu kw’italiki 20 z’ukwezi kwa gatatu.

Igikorwa c’ukwiyamamariza ayo matora kiriko kiraba, yamara urunani rw’abatavuga rumwe na Reta, IDC-Frocard, rumenyesha kw’abategetsi bariko babuza abakandida kwiyamamaza.

Umuvugizi w’urunani, IDC-Frocard, Guy Romain Kinfoussia avuga kw’igipolisi giherutse kurasa imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mu nama yariko igirishwa n’umukandida atavuga rumwe na Reta. Uwundi mukandida yarankiwe kugirisha ikoraniro mu kibanza abantu bahuriramwo.

Abakandida icenda bariko barahiganwa, harimwo prezida ahari muri iki gihe, Denis Sassou N’Guesso, amaze imyaka mirongo itatu ku butegetsi.

Prezida N’guesso yaragirishije referandumu y’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira bikureho ikigingo ca manda zibiri cari gitegekanijwe nuko abakandida bategerezwa kutaba barenza imyaka mirongo irindwi. Iyo referandumu yarenganye n’ibice mirongo icenda na bibiri vy’amajwi.

Ivyo bikaba vyariyamirijwe n’abatavuga rumwe na Reta bari basavye kwihoza iyo referandumu.

Prezida Sassou N’Guesso ashaka gustinda amatora yimirije mu ncuro ya mbere.

Mu ndwi iheze, urunani nrw’abatavuga rumwe na Reta batangaje ko bashizeho umurwi wabo ujejwe guharura amajwi mu kuvuga ko umurwi ujejwe amatora uhari uhengamiye kuri prezida N’Guesso.

XS
SM
MD
LG