Uko wahagera

Kote Divuware: Al-Qaida Yishe Abantu 16


Muri Kote Divuware abantu 14 b’aba sivile hamwe n’abasirikare 2 barishwe barashwe mu gitero cagabwe n’abarwanyi batandatu b’umuhari wa Al-Qaida.

Muri Kote Divuware abantu 14 b’aba sivile hamwe n’abasirikare 2 barishwe barashwe mu gitero cagabwe n’abarwanyi batandatu b’umuhari wa Al-Qaida.

Ico gitero cabaye ejo kuwa mungu cabereye ahitwa Grand Bassam, ku nkengera z’ikiyaga haruhande y’ihoteri yitwa Southern Star hahurumbirwa n’abanyamahanga benshi. Abashika 22 barakomeretse.

Abantu bar’aho igihe vyaba bamenyesheje ko abo bicanyi baje n’amaguru bambaye ibihuzu bikinga mu maso kandi bafise ibikoho bikomeye basanga abantu bari ku kiyaga bariko basama akayaga baca babiraramwo barabarasa.

Perezida wa Kote Divuware Alassane Ouattara yemeje ico gitigiri c’abahasize ubuzima aca amenyesha ko abo bagizi ba nabi bose bishwe.

Reta zunze ubumwe z'Amerika yateye ivyatsi ubwo bwicanyi.
Mu mezi aheze Al Shabab waragavye ibitero ku mahoteli akomeye yo ku mirwa mikuru y’ibihugu bibanyi vya Mali na Burkina Faso, ibitero vyahitanye abatari bake.

XS
SM
MD
LG