Uko wahagera

Ubulaya Bushobora Kwakira Izindi Mpunzi

Turkish Prime Minister Ahmet Davutoglu, left, speaks with European Commission President Jean-Claude Juncker, right, and European Council President Donald Tusk, center, after a media conference at an EU summit in Brussels, Belgium, March 8, 2016.

Ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya vyasavye ko buri gihugu kiri mur’uyo muryango cokwemera kwakira impunzi zishika ibihumbi bitandatu kira kwezi mu mpunzi ziri mu Bugiriki no mu Butaliyano.

Ako kamo katerewe mu nama yahuje abashikiranganji bw’intwaro yo hagati b’ivyo bihugu mu nama yabahuje I Buruseli mu Bubirigi aho bariko barabira hamwe integuro y’amasezerano yo kwakira impunzi bagiranye na Turukiya.

Komiseri ajejwe ivy’impunzi n’abimukira mur’uyo muryango Dimitris Avramopoulos amenyesha ko ivyo bihugu vyakiriye impunzi ziri musi y’amajana icenda ziri mu Bugiriki n’Ubutaliyano ku bihumbi 160 vyari vyemeye kwakira kandi ko hari bimwe bitigeze vyakira n'umwe.

XS
SM
MD
LG