Uko wahagera

Ubwongereza Buzaha Ubufransa Miliyoni 24 z'Amadolari


Abimukira
Abimukira

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza amenyesha ko Ubwongereza bugiye guha igihugu c’Ubufaransa uburyo bw’amafaransa azofasha mu bikorwa vyo gufasha abimukira bari mu gisagara ca Calais mu Bufaransa.

Ivyo David Cameron yabitangaje ejo kuwa kane inyuma y’inama yari ihejeje guhuza abategetsi b’Ubwongereza nab’Ubufaransa, inama yari ishimikiye kur’ico kibazo c’impunzi ku mugabane wa Burayi.

David Cameron yatangaje ko igihugu ciwe kigiye gutanga imiliyoni 24 z’amadolari ku bategetsi bo mu gisagara ca Calais aho abo bimukira bari bamaze imisi bahangana n’abagomba gusambura amahema babamwo.

Ayo mafaranga azofasha mu bikorwa vyo kwimurira abo bimukira mu bindi bibanza mur’ico gihugu nyene c’Ubufaransa.

Azofasha kandi mu bikorwa vyo gusubiza iwabo abimukira bizogaragara ko batari mu bakeneye ugukingirwa.

XS
SM
MD
LG