Uko wahagera

Centrafurika: Icyiciro cya Kabiri cy'Amatora


Abakozi bajejwe amatora bariko baharura amajwi mu matora y'umukuru w'igihugu muri Centrafrique
Abakozi bajejwe amatora bariko baharura amajwi mu matora y'umukuru w'igihugu muri Centrafrique

Anicet Georges Dologuele na Faustin Archange Touadera bahoze ari abashikiranganji ba mbere mu gihugu ca Centrafurika, bazohangana mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba kw’italaiki 31 z’ukwezi kwa mbere muri uyu mwaka w’2016.

Ivyavuye mu ncuro ya mbere vy’agateganyo vyashikirijwe ku muhingamwo w’ejo ku musi wa kane vyerekanye Anicet Georges Dologuele ari imbere n’ibice 24 kw’ijana vy’amajwi, agakwirikirwa na Faustin Archange Touadera n’ibice 19 kw’ijana.

Abakandida barenga mirongo itatu barahiganywe mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Komisiyo y’igihugu y’amatora yatangaje kw’igitigiri c’abitavye amatora cashitse ku bice 79 kw’ijana.

Mu ntango z’iyi ndwi, hari umurwi w’abakandida basavye kw’igikorwa c’uguharura amajwi gifutwa, mu kuvuga ko habaye ubusuma bw’amajwi n’ibibazo ku vyerekeye ibikoresho vy’amatora. Yamara Komisiyo y’igihugu y’amatora yariyamirije ivyo vyagirizo mu kuvuga ko bitagira ishingiro.

Igihugu ca Centrafurika kiriko kigirisha amatora y’umukuru w’igihugu n’amatora y’abashingamateka mu mugambi w’ugusubirira reta nfatakibanza yashizweho mu mwaka w’2014, umwaka umwe inyuma yuko abarwanya ubutegetsi batembagaje prezida Francois Bozize.

Dologuele, muri iki gihe afise imyaka 58. Yanonosoye ivyerekeye ubutunzi kandi yabaye umushikiranganji wa mbere ku butegetsi bwa Bozize hagati y’umwaka w’1999 n’umwaka w’2001.

Touadera afise nawe nyene imyaka 58 muri iki gihe yahoze ari umwigisha w’ibiharuro muri kaminuza akaba yabaye umushikiranganji wa mbere kuri Bozize hagati y’umwaka w’2008 n’umwaka w’2013.

XS
SM
MD
LG