Uko wahagera

Burkina Faso: Diallo Yatowe Kuyobora Abadepite


Muri Burkina Faso, Salif Diallo yatowe kuyobora inama nshingamateka. Uwo yahoze ashigikiye, ariko agahava avavana n’uwahoze ari umukuru w’igihugu yakuwe kubutegetsi Blaise Compaore, agiye kurutonde rw’umutegetsi wa kabiri akomeye mugihugu.

Bwana Diallo atowe kuyobora inamanshingamateka nyuma y’umusi umwe Roch Marc Christian Kabore yimitswe mumabanga yo kuyobora igihugu ca Burkina Faso. Diallo, ashizwe muri aya mabanga mu maguru masha.

Diallo na Kabore bashinze umugambwe wabo bise "Progres du Peuple" mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wi 2014 nyuma yaho batari bakicumvikanye na Perezida Blaise Compaore. Uyu yahavuye akugwa kubutegetsi mu kwezi kwa cumi kw’uyo mwaka nyene, biciye mu myiyerekano yabaye mugihugu yo kwiyamiriza ugushaka kwiwe kuguma kubutegetsi nyuma y’imyaka 27.

Diallo atowe kuyobora inama nshingamateka kumajwi 78 kwi 127.

XS
SM
MD
LG