Uko wahagera

Kenya: Igisirikare Kishe Babiri mu Ntara ya Mandera


Abantu babiri bishwe abandi batatu barakomereka igihe igisirikare ca Kenya carasa umuduga wariko uja mu ntara ya Mandera kuri uno musi wa mbere.

Commisaire w’intara ya Mandera Frederick Shisia yabwiye service y’igiswahili y’Ijwi rya Amerika ko inzego z’umutekano ziketse kuba uwo muduga wari utwaye ibigwanisho biturika, imbere yuko barasa abo bantu babiri bari bawurimwo.

Yamara ababibonye bavuze ko abo bantu bishwe bari abasivile kandi ko atabigwanisho vyatowe muri uwo muduga. Abo bantu bavuze kand kw’abo bantu bari ingenzi zisanzwe.

Ahandi naho ababa aho mu ntara ya Mandera bavuze ko hari hasanzwe hateguwe ibikogwa bijanye n’ugucungera umutekano kuri uno musi wa mbere muriyo ntara, nyuma yaho ku musi wejo habaye igitero cahitanye abapolici babiri mu gace ka Lafey.

Umugwi w’abagwanyi babanye Somaliya ba Al-Shabab, nibo biyitiriye ico gitero cahitanye abo bapolisi I Lafey.

XS
SM
MD
LG