Uko wahagera

Uganda: Museveni ni Kandida mu Matora yo mu 2016


Igikorwa c’ukugena abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2016 muri Uganda catanguye uno musi ku wa kabiri.

Prezida Yoweri Museveni, yatwaye igihugu ca Uganda mu kiringo c’imyaka mirongo itatu azogenwa n’umugambwe uri ku butegetsi, National Resistance Movement mu mpfunyapfunyo, NRM, mu kindi kigingo.

Uwundi yagenywe uno musi ku wa kabiri kandi kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, AmAma Mbabazi, arondera kwitoza nk’umuntu yigenga abicishije mu mugambwe, The Democratic Alliance.

Ku musi wa gatatu, Kizza Besigye amaze igihe kirikire ari umunyepolitike akomeye atavuga rumwe na Reta azogenwa n’umugambwe wiwe, Forum for Democratic Change.

Besigye na Mbabazi ntibashoboye kwumvikana ku vyerekeye gutanga umukandida umwe naho habaye amanama yo ku munuta wa nyuma.

Medard Sseggona ari mu nama nshingamateka, akaba ashigikiye Amama Mbabazi avuga kw’izo mpande zibiri zifise ivyiyumviro zidashobora guhurirako.

XS
SM
MD
LG