Uko wahagera

Madagascar Yugarijwe n'Ikibazo cy'Inzara Kitoroshye


Abayobozi b'ishami rya ONU ryita ku biribwa kw'isi, PAM, bamenyesha ko hagiye kuba ikena ry’ibifungurwa mugace k'ibihugu by'Afurika yo mu bumanuko. Aka ni agace kabamwo imiliyoni 27 z’abantu.

Madagascar ni kimwe mur’ivyo bihugu bikeneye imfashanyo kuko umwimbu mubijanye n’infungurwa utifashe neza bivanye n’ibirere bitameze neza.

Madagascar gisaba imfashanyo irenga imiliyoni cumi z’amadolari y’abanyamerika yo gufasha abanyagihugu kugira ntibicwe n’inzara. Abantu bashika ibihumbi 400 nibo bagaragara ko bakeneye imfashanyo vyihutirwa.

Naho Madagascar ifise ubutunzi mu bijanye n’iratiro, indyane za politiki zaranze ico gihugu, vyatumwe ubutunzi bwaco buhungabana.

XS
SM
MD
LG