Uko wahagera

Burundi: Guverinoma Izakurikirana Abateguye Imyigaragambyo


Mu Burundi imyiyerekano irabandanya mu gisagara ca Bujumbura. abapolisi baguma bagavye, mu ma quartier asanzwe agirirwamwo iyo myiyerekano, abagira imyiyerekano basaba kuja mu gisagara hagati igipolisi naco kikamera magabo, ubudasa ugereranije n’iyindi misi nuko abapolisi n’abanyagihugu bose basa n’abarushe.

Abari kwisonga mu gutegura imyiyerekano ngo bagiye gushengezwa mu butungane, umushikirizamanza kizigenza wa republika Valentino Bagorikunda yabwiye abameneyeshamakuru ko umurwi w’amatohoza wamaze gushirwaho.

Umuyobozi w'umuryangowita ku burenganzira bwa muntu League ITEKA, bwana Anschaire Nikoyagize yabwiye umunyamakuru Etienne Karekezi uko bakiriye ingingo y'umushikirizamanza kizigenza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00

XS
SM
MD
LG