Uko wahagera

Abakunzi b’umurwi w’umuziki, Beatles, Baribuka uno musi ku w'Imana, Imyaka Mirongo Itanu Irangiye Bakunzwe Cane muri Amerika


Abaririmvyi b'umurwi, Beatles
Abaririmvyi b'umurwi, Beatles
Uno musi ku w’Imana n’umusi w’uguhimbaza imyaka mirongo itanu irangiye umurwi w’umuziki w’Abongereza, the Beatles, userutse ubwa mbere, ku giteramo ca televiziyo yo muri Amerika, the Ed Sullivan Show, mu vyatumye uwo murwi ukundwa bikomeye cane muri Amerika.

Ed Sullivan, yabonye abaririmvyi bo mu murwi Beatles bakikujwe n’abantu isinzi bakunda umuziki, mu gihugu c’Ubwongereza, ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Londres, aca agirana amasezerano nabo y’uguseruka incuro zitatu, ku giteramo ciwe, naho muri ico gihe batari bazwi neza, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ama Radiyo akina umuziki wa rock and roll, muri Amerika, yatumye Abanyamerika bakunda birengeye umurwi, the Beatles, mu kuguma bamenyekanisha badahagarika uwo murwi.

Abakunzi b’uwo murwi basavye ari ibihumbi mirongo itanu, ama tickets y’ukwinjira mu kibanza c’ibiteramo, mu gisagara ca New York, kigenewe abantu amajana indwi gusa.

Abarorerezi ba televiziyo imiliyoni mirongo irindwi barakwirikiye igiteramo c’umurwi, the Beatles, c’isaha zibiri zo ku mugoroba, aho bumvirije John, Paul, George na Ringo, baririmba indirimbo zitatu, mu gihe abari mu kibanza cariko kiberamwo ico giteramo, bari bagizwe ahanini n’abigeme bari barengewe.

Abanyamerika baza kwubuka imyaka mirongo itanu irangiye y’ico giteramo ca mbere, mu kwibuka umurwi, Beatles, mu gihugu cose, kuva mu kibanza gisohora imiziki, Capitol Records Tower, mu gisagara ca Los Angeles, gushika ku kibuga c’indege JFK, mu gisagara ca New York, aho umurwi, Beatles, wururukiye ubwa mbere, ku butaka bwa Amerika.

.
XS
SM
MD
LG