Uko wahagera

Inkino mpuzamakungu za Olympique zo mu Gisagara ca Sochi Zatanguye


Ibirori vy'ukwugururra inkino mpuzamakungu za Olympique mu gisagara ca Sochi, mu Burusiya
Ibirori vy'ukwugururra inkino mpuzamakungu za Olympique mu gisagara ca Sochi, mu Burusiya
Amahinganwa azomara imisi cumi n’itandatu y’inkino mpuzamakungu za Olympique zo mu gihe c’Ubukanye, mu gisagara ca Sochi , mu gihugu c’Uburusiya, aratangura uno musi ku wa gatandatu, igihe imidali y’inzahabu mu nkino zitanu zitandukanye iza guhiganirwa.

Inkino mpuzamakungu za Olympique zo mu gihe c’ubukanye zo mu gisagara ca Sochi zatanguye n’ibirori vy’ukwugurura izo nkino, ababiteguye bari bizeye ko vyerekana isura nziza y’Uburusiya.

Ikibuga gishaha ca mbere c’izo nkino, gishobora kwakira abantu ibihumbi mirongo ine, nico cabereyemo ibirori vy’ukwugurura izo nkino mpuzamakungu za Olympique, vyarimwo umusiki w’igihugu c’Uburusiya, n’abantu rurangiranwa mu bisata bitandukanye bo mu Burusiya.

Aba Athlete bava mu bihugu birenga mirongo umunani, bazohiganwa mu nkino mpuzamakungu za olympique zo mu gihe, c’Ubukanye zo mu gisagara ca Sochi.

Kwatsa ikimuri ca Olympique, n’imiriro y’amabara atandukanye, nivyo vyaheraheje ibirori vy’ukwugurura izo nnkino.

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi barenga mirongo ine baritavye ibirori vy’ukwugurura inkino mpuzamakungu za Olympique, zo mu gihe c’Ubukanye, zo mu gisagara ca Sochi, harimwo prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, na bamwe mu betegetsi b’ibihugu vy’I Bulaya ntibitavye ivyo birori.

Uburusiya bwaranabaguwe, ku mategeko aziririza gukwiragiza mu bakiri bato propagande yerekeye abakundana n’abo basangiye igitsina.

Ingingo zikomeye zerekeye umutekano zari zafashwe, ejo ku musi wa gatanu, mu kibanza kizoberamwo inkino mpuzamakungu zo mu gisagara ca Sochi, no mu micungararo y’izo kibanza, mu gihe abategetsi bari magabo, ku bitero vy’iterabwoba bishobora kuba.
XS
SM
MD
LG