Uko wahagera

Nelson Mandela Azoshingurwa kw’Italiki 15 z’Uku Kwezi, mu Gisagara Ciwe c’Amavuko


Nelson Mandela jariko atera ibinaga n'abana mu gisagara ca Johannesburg mu mu mwaka w'2007.
Nelson Mandela jariko atera ibinaga n'abana mu gisagara ca Johannesburg mu mu mwaka w'2007.
Abategetsi b’igihugu ca Afrika y’epfo bavuga ko Nelson Mandela, azoshingurwa ku musi w’Imana italiki cumi na zitanu, z’ukwezi kw’icumi na kabiri, mu gisagara ciwe c’amavuko ca Qunu.

Prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yatangaje ivyerekeye kwibuka Mandela ku musi wa gatanu, mu gihe abanya Afrika y’epfo bagandariye Mandela.

Prezida Zuma, yatangaje kw’uyu musi w’Imana wimirije uzoba umusi w’ibisabisho, muri Afrika y’epfo, akaba yasavye AbanyaAfrika y’epfo guhurira mu masengero, mu misigiti, temple na synagogue, no mu ngo zabo, kugira basengebongere bibuke ubuzima bwa Mandela.

Prezida Zuma, yatangaje kw’imisa y’ugusabira Mandela izoba ku musi wa kabiri, mu kibuga c’umupira w’amaguru co mu gisagara ca Johannesburg, ikibanza cabereyemwo urukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, mu mwaka w’2010.

Ikiziga ciwe kizokwerekanwa, mu kiringo c’imisi itatu, mu nyubakwa zirimwo ibiro vya prezida, mu gisagara ca Pretoria.

Ibiro vya prezida wa Amerika vyatangaje ko prezida Barack Obama, n’umutambukanyi wiwe, Michelle Obama, bazoja mu gihugu ca Afrika y’epfo, mu ndwi iza, gusezera Nelson Mandela.

Mandela yitavye imana mw’ijoro ryo ku musi wa kane, afise imyaka mirongo icenda n’itanu, inyuma y’ikiringo kirekire c’uburwanyi.
XS
SM
MD
LG