Uko wahagera

Ibiganiro ku Mugambi wa Irani Werekeye Ibirwanisho Ruhonyanganda Birabandanya


Ikibanza gihingurirwamwo uranium mu gihugu ca Irani
Ikibanza gihingurirwamwo uranium mu gihugu ca Irani
Abajejwe ibiganiro, baserukira igihugu ca Irani n’ibihugu bikomeye cane vyo kw’isi, barabandanya utwigoro tw’uguhereheza amasezerano y’agateganyo, ajejwe kuhagarika umugambi w’igihugu ca Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda, mu vyotuma amakungu akuraho ibihano yafatiye Irani.

Umuvugizi w’umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Catherine Ashton, yatangaje kw’incuro ya mbere y’ibiganiro, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Irani, vyabaye ngirakamaro cane. Ivyo yabitangaje mu gihe abajejwe ibiganiro bahuye, ku musi ugira kabiri I Geneve mu gihugu c’Ubuswisse.

Catherine Ashton, aserukira umurwi w’ibihugu bitandatu bikomeye vyo kw’isi, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufransa, Uburusiya n’Ubudagi.

Ivyo bihugu bishaka amasezerano y’agataganyo, asaba igihugu ca Iraki guhagarika ibikorwa vyayo vy’ukuyungurura uranium, ikemera abandi bakozi bajejwe gusuzuma ivyerekeye umugambi wa Irani, werekeye ibirwanisho ruhonyanganda, kugira Irani yoroherezwe ibihano yafatiwe.
XS
SM
MD
LG