Uko wahagera

Amasezerano Y’Amahoro Hagati Ya M23 Na Reta Ya Congo


OLivier Mandevu
OLivier Mandevu

Inyuma y’aho amasezerano yategerezwa guterwago igikumu asibiye ku musi wa mbere, abakwirikirana politike yo mur’ako karere, bavuga kw’atacabatangaje.

Abahinga banonosoye ibibera mu buseruko bwa Congo bavuga ko kubona ata masezerano yateweko igikumu ku musi wa mbere nk’uko vyari vyitezwe, bidatangaje, ngo kuko umurwi M23 watangaje ubwawo kw’utakibaho, ngo arinaco gituma, vyumvikana ko reta ya Congo yar’ikwiye gusohora itangazo rishira ahabo ko yatsinze urugamba, abandi nabo batsinzwe.

Yamara hari n’abandi bavuga ko reta ya Congo yar’ikwiye ahubwo gutega amatwi igakora ivyasabwe kuva kera n’umurwi M23, ngo kuko gutsinda uyo muhari bitavuga kw’atawundi muhari ushobora kuvuka.

Hari kandi n’abavuga kw’ikibazo cashikirijwe kuva kera n’abanyeCongo bavuga ururimi rw’ikinyarwanda, ar’ikibazo cavuye ku bategetsi bamwe bamwe bo mu ntara, bashaka kuryanisha abanyeCongo, ngo kuko ico kibazo atariko camye muri Congo:

Mushobora kwumviriza iki kiganiro twagiranye na Christophe Muhire ari I Kigali mu Rwanda, hamwe na Gode Chiri Haguma, yigeze kwitoza mu matora aheruka y’abashingamateka muri Congo hamwe na Olivier Mandevu, umukuru w’sihirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabereye mu Gatumba.
please wait

No media source currently available

0:00 0:09:06 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG