Uko wahagera

Abapolisi Muri Uganda, Barikanuye.


Abajejwe itohoza ry'ibitero vyakozwe n'umurwi Al-Shabab mu gihugu ca Kenya, mu kibanza kirimwo imangazine, bita Westgate Mall
Abajejwe itohoza ry'ibitero vyakozwe n'umurwi Al-Shabab mu gihugu ca Kenya, mu kibanza kirimwo imangazine, bita Westgate Mall

Abapolisi Bo Muri Uganda, barikanuye, inyuma y’aho ambassade ya amerika mur’ico gihugu, igabishirije ko hashobora kuba ibetero vy’iterabwoba.

Ivyo bitero ngo bizoba bimeze nka bimwe vyagandagura inganda mu gihugu ca Kenya mu kwezi guheze.

Abategetsi b’igipolisi bavuga kw’igipolisi catumyeko abapolisi bose bari mu karuhuko, bongera bavuga kw’ata mupolisi n’umwe azokwemererwa gufata akaruhuko, gushika hafashwe izindi ngingo nshasha.

Ambassade ya reta zunze ubumwe za amerika mu gihugu ca Uganda, ku musi wa kabiri ku mugoroba, yaratangaje ko yaronse amakuru avuga kw’ibitero bimeze nk’ibitero vyaberemeye mu kibanza kirimwo amamanganzine menshi co muri Kenya citwa Westgate, gishobora kuba mu misi ya vuba, I Kampala ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda.

Itangazo ryasohowe na Ambassade rivuga kw’abategetsi barongoye iyo ambassade, bahana hana amakuru n’abategetsi bo mu gihugu ca Uganda, yamara ngo nta makuru yerekeye umusi, ivyo bitero bizobera, araboneka.

Igihe ca nyuma abapolisi bo mu gihugu ca Uganda baheruka kuguma barikanuye nk’ubu, hari mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’2010, inyuma y’aho haterewe ibibombe bibiri ku murwa mukuru Kampala, vyahitanye ubuzima bw’abantu bashika 70.

Umurwi w’abanyaSomalia b’intagondwa, Al-Shabab, niwo watangaje ko wakoze ivyo bitero.
XS
SM
MD
LG