Uko wahagera

Abiyamiriza Morsi, Baragize Imyiyerekano I Cairo


Abashigikiye President Mohammed Morsi yakuwe muri coup d'Etat mu gisagara ca Nasser City, ku murwa mukuru Cairo, kw'igenekerezo ry'indwi ry'ukwezi kw'indwi, umwana w' 2013.
Abashigikiye President Mohammed Morsi yakuwe muri coup d'Etat mu gisagara ca Nasser City, ku murwa mukuru Cairo, kw'igenekerezo ry'indwi ry'ukwezi kw'indwi, umwana w' 2013.

Abanyagihugu ibihumbi amajana n’amajana bararakoraniye mu kibanza Tahrir Square, ejo ku musi wa mungu ku mugoroba.

Iyo myiyrekano yari ifise umugambi wo gushigikira coup D’Eta yakuye president Mohamed Morsi ku butegetsi.

Iyo myiyerekano yari imyiyekano yo kwiyamiriza imyiyerekano yakozwe mu gihe c’imisi ibiri ikwirikirana y’abanyagihugu bashigikiye Morsi, yatumye uruhagarara rubandanya ku murwa mukuru Cairo, mu gihe kandi abategetsi ba reta y’imfatakibanza, bariko barihweza uburyo bwo kugena reta nshasha yokwemerwa n’impande zose.

Imbere y’aho, abantu ibihumbi n’ibihu bariko baragira imyiyerekano yo gushigikira Mohamed Morsi, barakoraniye imbere y’inyubakwa apfungiwemwo ku muswa mukuru.

President Morsi yakuwe ku butegetsi ku musi wa gatatu muri coup d”Etat ya gisirikare.
Abasirikare bavuga kw’ikurwa ryiwe ryari rikenewe, kugira ngo ivyipfuzo vy’abanyagihugu imiliyoni n’imiliyoni, baguma basaba kw’atanga imihoho, vyumvirwe.

Iyo myiyerekano y’imirwi itavuga rumwe yabaye ejo ku musi mungu, inyuma y’aho iyo mirwi itaniye mu mitwe ku musi wa gatanu, maze abantu bashika 36 bakahasiga ubuzima, mu gihe abandi barenga 1000, bakomeretse, mu gihugu cose ca Misiri.
XS
SM
MD
LG