Uko wahagera

Prezida w’Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, Yarakuwe ku Butegetsi


Umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi
Umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi
Igisirikare c’igihugu ca Misiri, carakuye ku butegetsi, prezida Mohamed Morsi, yari yatowe, biciye mu nzira ya demokrasi, igisirikare kikaba cagenye prezida nfatakibanza inyuma y’imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Reta.

Mw’ijambo yashikirije, ku muhingamo w’ejo ku musi wa gatatu, Umutegetsi mukuru w’igisirikare, Abdul Fatah Khalil Al-Sisi, yatangaje kw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Misiri ryahagaritswe, umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro akaba yagenywe kuba umukuru w’igihugu w’infatakibanza.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Misiri, Abdul Fatah Khalil Al-Sisi, yatangaje kw’igisirikare citavye akamo katewe n’Abanya Misiri, inyuma y’imyiyerekano ikomeye yasaba ko prezida Mohamed Morsi atanga imihoho.

Inyuma y’ijambo rya Khalil Al-Sisi, kuri televiziyo, prezida Morsi yarasohoye itangazo, ku kibanza ciwe ca Twitter, aho yatangaje kw’ingingo y’igisirikare, ari coup d’etat.

Yasavye Abanya Misiri kwiyamiriza ingingo y’igisirikare, yamara yabasavye gutekana.

Umutegetsi mushasha nfatakibanza w’igihugu ca Misiri ni , Adly Mansour, umutegetsi mukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro aza kurahira uno musi ku wa kane.
XS
SM
MD
LG