Uko wahagera

Prezida Yavuye mu Matora muri Irani, Hassan Rowhani, Yaremeye Igihe Gishasha muri Irani


Prezida mushasha yavuye mu matora, mu gihugu ca Irani Hassan Rowhani
Prezida mushasha yavuye mu matora, mu gihugu ca Irani Hassan Rowhani
Prezida aheruka kuva mu matora w’igihugu ca Irani, Hassan Rowhani, yameye gukwirikira inzira itisunga ivyiyumviro vy’intagondwa, mu kuvuga kw’intsinzi yiwe yerekana igihe gishasha ku Banya Irani.

Ivyo umutegetsi w’idini atari itagondwa, Hassan Rowhani yabitangaje, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri televiziyo, ejo ku musi wa mbere, ikiganiro ca mbere yatanze, kuva intsinzi yiwe yatangaje, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye, ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Rowhani, yatangaje kw’azokwirikira inzira y’ubutungane, inzira itisunga ivyiyumviro vy’intagondwa. Yongeye kandi yemera gusubira kugirana ibiganiro vyubaka n’amakungu, n’ugufasha gutorera inyishu ubutunzi bw’igihugu ca Irani, buriko butera buyanzara.
XS
SM
MD
LG